Babel

The Tower of Babel (Genesis 11: 1-9)

íkiRǔndi (Kirundi)

  1. 1 Ico gihe isi yose yari ifise ururimi rumwe n’amajambo amwe.
  2. Nuko mu gihe bariko bagenda berekeza mu buseruko, amaherezo bubura ikiyaya c’umubande mu gihugu ca Shinari, baraheza baba ng’aho.
  3. Maze batangura kubwirana bati: “Ingo tubumbe amatafari hanyuma tuyaturire mu kuyacisha mu muriro.” Nuko itafari ribabera ibuye, mugabo ikaburimbo ibabera ubudongo.
  4. Baravuga bati: “Ingo twiyubakire igisagara be n’umunara w’isonga rishika mu majuru, twiheshe izina rurangiranwa, kugira ntiduhave dusanzara ku buringanire bwose bw’isi.”
  5. Nuko Yehova amanuka kuraba ico gisagara n’uwo munara abana b’abantu bari bubatse.
  6. Inyuma y’ivyo Yehova aravuga ati: “Ehe bagize igisata c’abantu kimwe, kandi bose bavuga ururimi rumwe, none ibi ni vyo batanguye gukora. Erega, ubu nta kintu na kimwe bokwiyumvira gukora batazoshobora gushikako.
  7. Ingo tumanuke maze tuvurunganye ururimi rwabo hariya kugira ntibumvikane mu rurimi.”
  8. Nuko rero Yehova abasanzaza ku buringanire bwose bw’isi abakuye ng’aho, maze buhorobuhoro bagenda baraheba ivyo kwubaka nya gisagara.
  9. Ni co gituma ciswe Babeli, kuko aho ari ho Yehova yari yavurunganirije ururimi rw’isi yose, kandi Yehova akaba yari yabasanzaje ku buringanire bwose bw’isi abakuye ng’aho.

From: Bibiliya y'isi nshasha

[top]


Green Web Hosting - Kualo

Why not share this page:

 

Talk in Arabic - Learn Egyptian, Iraqi, Levantine, Sundanese, Moroccan, Algerian or Saudi Arabic

If you like this site and find it useful, you can support it by making a donation via PayPal or Patreon, or by contributing in other ways. Omniglot is how I make my living.

 

Note: all links on this site to Amazon.com, Amazon.co.uk and Amazon.fr are affiliate links. This means I earn a commission if you click on any of them and buy something. So by clicking on these links you can help to support this site.

Get a 30-day Free Trial of Amazon Prime (UK)

If you're looking for home or car insurance in the UK, why not try Policy Expert?

[top]

iVisa.com